BRÈVES INFOS : Ambassadeur Albert Shingiro : « Si le Burundi était isolé, il n’aurait pas tenu depuis avril 2015 »! , Le Burundi s’apprête-t-il à rompre ses relations diplomatiques avec la Belgique ? @Ikiriho.org / @Burundibwiza.com

Femi de j'Abat arakebura abaririmvyikazi b'abarundi ahereye k'umukobwa wiwe..

Imico n'akaranga mu muziki ndundi : Umukobwa na se ntibabibona kumwe.

Umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien benshi bazi kw'izina rya Marechal Femi de j'Abat arasaba Leta y'Uburundi gushiraho itegeko rikingira imico n'akaranga mu muziki ndundi amazi atararenga inkombe.

@Burundibwiza.com mise à jour, le 20.02.2017

12278795 1019256024792219 2915229160169374531 n16730557 1376732612377890 1033336051920795740 n

    Nsengiyumva Minani Felicien             Divine N. Mugisha

Umuririmvikazikazi w'umurundi akiri umuyabaga Ndihokubwayo Mugisha Divine akomeje kuvurwa cane hirya no hino mu bimenyeshamakuru bitandukanye na canecane ngurukanabumenyi kubijanye n'inyambaro yiwe aho abatari bake bavugako atari yambaye nk'umurundikazi mw'ihiganwa aherukamwo ryitwa UKM ryabereye mu gihugu ca Norvège ahitwa Stjørdal mu ndwi zibiri ziheze aho asanzwe aba.

Ikinyamakuru Stjørdals Bladet co muri Norvege carabajije umuvyeyi wiwe Nsengiyumva Minani Felicien asanzwe nawe nyene ari umuririmvyi uko yiyumvira kubivurwa kunyambaro y'umwana wiwe yoba itajanye n'imico n'akaranga vy'Uburundi igihugu cabo c'amavukiro yishuye ati : " Nk'umuvyeyi birababaje, ntibinezera kubona hariho ibibondo vyacu canke abantu bakuze iyo bageze ino i Bulayi baca bakurikiza ya myibutsa y'iwacu atari myiza ivuga ngo (Ubana na suneba ugasuneba nkawe canke ngo uja iburya sazi ukarya insazi ). Umwana wacu Mugisha Divine Ndihokubwayo harivyo ndamushigikiramwo n'ivyo ntamushigikira. Kuririmba indirimbo z'ubaka imitima y'abantu, zininahaza Imana canke zivuga neza igihugu cacu aho turi kumwe. Kubijanye navyo n'inyambaro canke intambo zoba zituma haba abantu baboroga ivyo sindamushigikiye namba na gatoyi, ntitubihurizako kandi nawe nyene arabizi kandi arantahura kuko abantu twese kw'isi ntitubona ibintu kumwe. 

Mu bihugu vyose vyo kw'isi hariho amategeko meza na mabi. Hano i Bulayi hariho amategeko usanga atuma abavyeyi atabubasha dufise bwo gukingira abana bacu mu bintu bimwebimwe tubonako atari vyiza. Akarorero hano abana bafise uburenganzira novugako burenze urugero, nubwo yofata inzu mubamwo akayiturira nturekuriwe no kumurya urwara, ubikoze barashobora no kugufunga canke bakanamugutwara akazorerwa na Leta canke n'abandi utazi agakura utamubona waramuvyaye. Ngarutse kuri Divine, ico nkora sindamushigikira mu vyo mbonako bitabereye, ndamuha impanuro za kivyeyi maze nkamwereka ingaruka zavyo muri kubu no muri kazoza. Ijambo ry'Imana n'amasengesho nico kirwanisho ahanini nshira imbere. Hose kw'isi gushira abana k'umurongo mwiza si ikintu coroshe, bisaba ubwitonzi, ukwihangana n'urukundo rwinshi, tutibagiye kubabera ahanini twebwe abavyeyi akarorero keza. Bisaba kandi amategeko meza, ari naco gituma nteye akamo Leta y'Uburundi ahanini gushiraho amategeko nimba atayahari akingira imico n'akaranga na canecane mu muziki ndundi amazi atararenga inkombe kuko abaririnvyi barafise uruhara runini cane gose mu gukiza canke kwonona imibereho y'abantu. Ndashigikiye ko abaririmvyi bambara nabi ibitsitaza abantu indirimbo zabo zitokwerekanwa kumbonesha kure zaba za Leta canke z'abikorera ivyabo. Eka n'indirimbo zica ku ma Radiyo usanga zirimwo amajambo aryanisha abantu canke yonona imibereho myiza yabo nazo nyene ntizikwiriye kuvuzwa ku neza y'igihugu n'abakibamwo bose. 

Ndangize ntera akamo ahanini abaririmvyi b'iwacu abahungu na canecane abaririnvyikazi mpereye k'umukobwa wanje Ndihokubwayo Mugisha Divine ko boza barambara bakikwiza neza, bakamenyako kumenyekana kwiza ari ugukora ibibereye bifasha abantu, kandi ko Imana ariyo soko y'ivyiza vyose bibereye abantu twifuza. Abashira mu ngiro ijambo ryayo irabatera iteka ryiza cane atahandi umuntu yorikura uretse mu gukora ivyiza vyubaka bidasambura ubuzima bw'abandi.

@Burundi bwiza.com

 

 

 

Comment (0) Hits: 6

Gukamisha abana ( Ibibondo ) ngo vyahoneje ingo nyinshi i Bulayi.

Gushinga urugo ngo bisigaye ari " business " kuri bamwe !

@Burundibwiza.com mise à jour, le 07.02.2017 Source: Bladet.no

16508459 1651308088217919 6957619046498438661 n16427796 1651308961551165 393563547087701002 n

Nkuko twabisomye mu kinyamakuru STJØRDALS BLAD co mu gihugu ca Norvege gisomwa cane casohotse kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2017, umuririmvyi rurangiranwa mu muziki w'Uburundi Nsengiyumva Minani Felicien azwi cane kw'izina rya Marechal Femi de j'Abat akaba asanzwe aba muri ico gihugu nyene ca Norvege hamwe n'umuryango wiwe,yamenyesheje ko ariko arategura gusohora indirimbo hamwe n'umwana wiwe w'imfura asanzwe nawe nyene aririmba yitwa Ndihokubwayo Mugisha Divine.

Nyandirimbo ngo yerekeranye ahanini n'ingene ingo nyinshi i Bulayi zisambuka cane gose haba kuri bene igihugu eka no mu bimukira bava mu bindi bihugu nko muri Afrika canecane aho kwahukana vyoroshe gose bisigaye vyarimonogoje vyarabaye urudandazwa hari abazisambura n'ibigirankana kugira bace babironkamwo amaronko babicishije mu gukamisha abana. Ivyo ngo bikaba bifise ingaruka nini mu mu buzima bw'igihugu n'imibereho y'abanyagihugu na canecane ku bibondo bitandukanwa n'abavyeyi.

Nsengiyumva Minani Felicien ( Femi ), yamenyesheje kandi abakunda umuziki wiwe ko ubu bagiye kumwumva no kumubona cane hirya no hino kw'isi mu ndirimbo ziwe nshasha n'izakera. Yarangije akebura abatararushinga ko bokwitonda cane mu guhitamwo abo bazorushingana kuko ngo hari abiyorobeka bironderera kuja i Bulayi atari mu ntumbero yo kwubaka urugo, ngo bameze nka kanyoni kironderera iyo bweze kamaze kubironka kakaguhinduka nk'inzoka yo mu nda. Urwo rukundo rw'amaronko " Business " akaba yarugereranije n'umucanwa w'ibihunda, nk'izuba ry'igihenda baja rikuyongana uri kuriraba.

@Burundibwiza.com

Comment (0) Hits: 223

Le Burundi s’apprête-t-il à rompre ses relations diplomatiques avec la Belgique ?

DIPLOMATIE / SECURITE

          Relation Belgique Burundi

@Burundibwiza.com mise à jour, le 05.01.2017

Après l’assassinat du ministre de l’Environnement, Bujumbura renforce le dispositif sécuritaire auprès des personnalités publiques, et se prépare à intensifier son offensive diplomatique contre le CNARED jugé comme “force terroriste”.

Toute la communication du CNARED et de ses relais, sur les réseaux sociaux notamment, vise à poser une seule question, formulée par Pierre Claver Mbonimpa: “Est-ce que l’assassinat du ministre Emmanuel Niyonkuru montre la sécurité que chantent les officiels burundais?” Le CNARED a même précisé que “l’assassinat du Ministre Niyonkuru découle du chaos engendré par le 3ème mandat illégal de Nkurunziza”.

L’assassinat du ministre à Bujumbura s’est accompagné d’autres actes de violence en province, comme à Bubanza où une grenade a été lancée au milieu d’une assemblée en prière lors du réveillon.

Pour l’opposition radicale, le raisonnement est le suivant: si on résout la question du mandat  illégal de Nkurunziza, la violence au Burundi va cesser. Ce qui revient à dire que l’opposition radicale maîtrise ceux qui sont derrière ladite violence.

La pression que tente d’exercer l’opposition radicale sur Bujumbura via les assassinats de personnalités gouvernementales s’accompagne de menaces aux tutsis pro-Cndd-Fdd. Toute une campagne numérique a été récemment lancée sur les réseaux sociaux, pour créer une psychose au sein du parti au pouvoir et nourrir la division ethnique.

Comment (0) Hits: 327

More Articles...

  1. Ambassadeur Albert Shingiro : " Si le Burundi était isolé, il n’aurait pas tenu depuis avril 2015 "!
  2. NOTRE PAYS A UN PRESIDENT EXCEPTIONNEL: DU JAMAIS VU AU BURUNDI!
  3. Le CNARED vient de lancer une « fatwa » contre le journaliste CIRAMUNDA Richard.
  4. Le célèbre chanteur burundais KIDUM au Burundi pour faire de concerts.
  5. Le Burundi annonce des mesures de sécurité pour les fêtes de fin d'année.
  6. BURUNDI-DIASPORA: SPECIAL EVENEMENT A NE PAS RATER A MOSCOU EN RUSSIE!
  7. DECLARATION N°010/2016 DE LA LIGUE DES DROITS DE LA PERSONNE HUMAINE « IZERE NTIWIHEBURE » LORS DE LA VISITE DE SON EXCELLENCE MONSIEUR BENJAMIN WILLIAM MKAPA, MEDIATEUR DANS LE DIALOGUE INTER-BURUNDAIS.
  8. ABARWANYA UMURIRIMVYI KIDUM BAMUZIZA KUJA MU CAMWIBARUTSE KURIRIMBA AMAHORO KU BARUNDI BOSE ATAVANGUYE, NI UKWIHENDA CANE.
  9. Burundi-Russie : Présentation des Lettres de créance.
  10. Le Burundi ou le courage de tout un pays.
  11. Le chanteur Femi de j'Abat chantera lors du dialogue Inter-Burundais à Oslo en Norvège.
  12. A Son Excellence Madame Federica Mogherini, Haute Représentante de l'Union européenne pour les Affaires étrangères Service Européen pour l'Action Extérieure
  13. LE COMITE INTERNATIONAL DE SOUTIEN AUX ELECTIONS DEMOCRATIQUES ADRESSE UNE LETTRE A L'UNION EUROPEENNE.
  14. MISE AU POINT DU COLLECTIF DES SURVIVANTS ET VICTIMES DU GÉNOCIDE CONTRE LES HUTU DE 1972 (ET D’AVANT ET D’APRÈS), À L’ARTICLE DE NJANGWA GILBERT-BÉCAUD : « L’UPRONA ET LES FORGÉRONS DU CRIME DANS LE PAYS DE MWEZI GISABO ».
  15. Le Colonel SIMBANDUKU Pascal expulsé du Rwanda.
  16. COMMUNIQUE No 016/2016 DU PARTI CNDD-FDD DU 1 AOUT 2016.
  17. Barundi Barundikazi namwe mwese mwipfuza kwubaka mu Burundi.
  18. Interview exclusive avec M. Isaïe Kubwayo, ambassadeur du Burundi au Maroc.
  19. LA RESOLUTION 2303 DE L'ONU EST INAPPLICABLE SANS L'ACCORD DE BUJUMBURA.
  20. Approbation de quatre candidats au poste d’ambassadeurs.
  21. Burundi / Rwanda: Amatohoza aragaragaza ko Leta y'u Rwanda iri inyuma y'iyicwa rya Honorable Hafsa Mossi.
  22. Burundi : Le gouvernement rejette toute disposition de la resolution 2303 en rapport avec l'envoi d'une force quelconque sur son territoire.
  23. Lettre ouverte de Pancrace Cimpaye à Jacques Bigirimana : Une fuite en avant de Pancrace Cimpaye qui accusait Hafsa Mossi de distribuer les armes via une VIDEO?
  24. Déclaration du Comité International de Soutien aux Elections Démocratiques et Transparentes au Burundi.
  25. La Chine appelle à respecter la souveraineté du Burundi.