BRÈVES INFOS. Burundi : La future Constitution amendée tiendra compte des résultats du dialogue interburundais organisé au niveau des 18 provinces burundaises au premier semestre 2016 sous l'égide de la Commission Nationale de Dialogue Interburundais (CNDI) / @Burundibwiza.com

AMICALE DES MUSICIEN DU BURUNDI ( A.M.B ): VYIFASHE GUTE, HOKORWA IKI?

Last Updated: 27 March 2017 Hits: 771

  CULTURE

@Burundibwiza.com mise à jour, le 26.03.2017 Source Facebook / Marechal Femi de j'Abat

13725089 10153612743205741 2758514343734937727 o

Simbavimbere Bruno alias Member arongoye A.M.B ( Amicale des Musiciens du Burundi ) ari kumwe na Nsengiyumva Minani Felicien alias Marechal Femi de j'Abat umuririmvyi w'umurundi aba muri Norvege. ( Foto : @Burundibwiza.com/Juillet2016 )


Muri kino gihe hari kuvurwa no kwandikwa hirya no hino vyinshi bijanye n'ishirahamwe ry'Abaririmvui mu Burundi, nifuje kugira ico nanje nshikirije nk'umwe mu baririmvyi b'Abarundi.

Ntashirahamwe na rimwe kwisi ritagira ibibazo canke ingorane. Ntaririho eka ntanirizobaho. Kubijanye niryo shirahamwe A.M.B, nagira menyeshe aboba batabizi ko atari abaririmvyi bose bo mu Burundi baririmwo. Hariho abatarigiyemwo kuberako amategeko yaryo arigenga harimwo ayatajanye n'ibihe tugezemwo, adatuma abaririmvyi muri rusangi dutera tuja imbere mu mwuga wacu twahisemwo mu buzima kugira utubesheho nkuko vyategerezwa.

Ico jewe mbona cokorwa kigafasha ku neza y'abaririmvyi bose, y'igihugu cacu eka n'abakibamwo bose ntibagiye abakunda umuziki w'Uburundi baba Abarundi canke abanyamahanga, nuko abarongoye iryo shirahamwe twemera kandi dukunda cane rimaze kurangura vyinshi vyiza nubwo hari ibitari bike bitagenda neza, botumizako inama rukokoma idakumira umuririmvyi n'umwe w'umurundi yifuza kuyijamwo kugira twese abo biraba twigire hamwe ivyo vyose tubona vyotuma umuziki w'Uburundi utera imbere neza maze n'abaririmvyi umwe wese akimbura ico yabiriye icuya, ntitugume turuhira abandi birira ivyo batarimye na canecane ko n'amategeko ahari atigera aja mu ngiro ngo ahashe bimwe vy'akarorero abo basubiza inyuma abaririmvyi, atigera kandi akingira inyungu zabo nkuko vyanditswe muri yo.

Ndifuzako iyo nama yotunganwa ari muci ( mu gihe c'uburuhuko ) kugira ngo n'abaririnvyi dusanzwe turi mu mahanga kubera imvo zitandukanye natwe tuze turonke amahirwe yo kuza muri iyo nama maze duterere ivyiyumviro vyacu nakare ngo : " Imitwe ikora ikoranye ".

Ndangize nsaba abarongoye ubushikiranganji butujejwe ko ico kibazo batogifata minenerwe ahubwo bogira ico bakoze kiboneka kugira iyo nama izobe mu gihe ciza kandi ntihagire abakumirwa. Abaririnvyi bagenzi banje nabo nobasaba kuvyitwaramwo neza bakareka kwandika kuri internet canke kuvugira ku ma Radio amajambo atabereye canke adakenewe kubijanye n'ingorane zihari muri A.M.B. Aho kuvugira umwe wese akamuri k'umutima ni muri iyo nama nahone mu rupfasoni atavyo gukuranako agashambara na canecane ko Abaririmvyi dutegerezwa kuba akarorero keza mu banyagihugu badukurikirana imisi yose kandi badukunda cane biciye mu mpanuro nziza dushikiriza mu ndirimbo zacu.

Baririnvyi b'Uburundi : Twese turi bamwe, turi abana beza b'Uburundi bwiza. Ivyo tudahurizako biriho kandi ntagihe na kimwe bizigera bibura. Abasogokuru bati: IMYENGE Y'INZU IMENWA N'ABENEYO KANDI AHARI INAMA HABA IMANA! Niharambe iterambere ryiza ry'umuziki w'Uburundi, ni harambe Ubumwe n'Urukundo mu baririmvyi bose b'Uburundi bwacu. Murakoze. Imana ihezagire cane umuziki w'igihugu cacu. / Nsengiyumva Minani Félicien Alias Maréchal Femi de j'Abat.

Leave your comments

Post comment as a guest

0
Your comments are subjected to administrator's moderation.
terms and condition.
  • No comments found