BRÈVES INFOS. Burundi : La future Constitution amendée tiendra compte des résultats du dialogue interburundais organisé au niveau des 18 provinces burundaises au premier semestre 2016 sous l'égide de la Commission Nationale de Dialogue Interburundais (CNDI) / @Burundibwiza.com

UNABUDI-INYENYERI Z'UBURUNDI MU MAKUNGU.

Last Updated: 06 September 2017 Hits: 163

UNABUDI

@Burundibwiza.com mise à jour, le 06.09.2017

21192266 102946357112163 7398808479414229536 n1

ISHIRAHAMWE RISHASHA RIHEJEJE KUVUKA Abaririmvyi baba mumahanga bahejeje gukora Igikorwa c'Iteka aho bashimwe kuja hamwe kugira ngo bagarukire kandi bateze imbere Imico n'Akaranga biranga Igihugu cacu Uburundi maze baca bashinga Ishirahamwe yitwa " UNABUDI-INYENYERI Z'UBURUNDI "
 
KURIKIRA IBIJANYE NIRYO SHIRAHAMWE:... UNABUDI-INYENYERI Z'UBURUNDI ni ishirahamwe ry'abaririmvyi n'abahinga mu vyerekeye imico kama y'abarundi; baba mu bihugu bigize impande zine z'isi bakaba batuye mu Bihugu vyo mumahanga ( Diaspora). Abo bahinga b'abarundi baratahuye ko umutwe umwe utigira inama, maze bashima guhuriza ingoga hamwe, kugira ngo bose bahagurukire ica rimwe mu gukingira imico n'akaranga biranga Uburundi. INTUMBERO NYAMUKURU Y'ISHIRAHAMWE: 1. Kugarukira Imico n'Akaranga mu barundi bo mu mahanga 2. Gushigikira abahinga b'Imico n'Akaranga baba mu mahanga. 3. Kwibuka ku mwaka ku mwaka ibikorwa vy'abahinga badusigiye IRAGI. Buri mwaka igenekerezo rya 17 Mukakaro, hazohora hatunganywa ISABUKURU ICIVUGO CA UNABUDI-NYENYERI-Z'UBURUNDI :
- URUKUNDO
- UBUHINGA
- UBUMENYI
- ITERAMBERE
 
ABAGIZE UBURONGOZI BWA UNABUDI-INYENYERI Z'UBURUNDI :
1. Umukuru w'Ishirahamwe ( President ): Felicien Minani Nsengiyumva batazira Femi de j'Abat, aba i Norvege
2. Icegera ciwe ( Vice Présidente ): Marie-Goretti Habonimana batazira Goreth Amabano aba mu Bubirigi
3.Urwego rw'umunyamabanga mukuru ( Secrétariat Général): Bonaventure Havyarimana batazira KAKA Boney aba muri Amerika
4.Urwego rujejwe ivy'Ubutunzi ( Tresorerie ): A.Emmanuel Sadiki batazira Kilo Kilo aba mu Bubirigi B. Riziki Uwinyota aba muri Allemagne
5 Urwego rwo guhanahana amakuru( Communication): Mireille Keza Delfosse aba mu Bufaransa.
6. Urwego rujejwe kuyamenyesha abatari mw'Ishirahamwe ( Publicité): BKY Amissi aba muri Canada
7. Urwego rujejwe gutunganya ibiteramo n'amanama Nkarishabwenge ( Concerts & Seminaires): Serge Nkurunziza aba Uganda
8.Urwego rujejwe imibano n'inyifato ibereye ( Social & Discipline ) Mpangaje Luc batazira Balozi aba muri Amerika
9. Urwego rujejwe itunganywa ry'ibikorwa n'ubushakashatsi ( Coordination & Strategie ): Maisha Mustafa aba muri Amerika
10. Urwego rw'abahanuzi ( Conseillers ) - Marie Louise Sibazuri aba muri Australie _ Sadi Kinyunda aba muri Kenya _ John Mbonimpa aba mu Bubirigi Twagira tubamenyeshe kandi ko UNABUDI-INYENYERI Z'UBURUNDI ifise page yayo ya Facebook yitwa "Unabudi Uib" mbere tukaba tubatumiye kuja kuraba urundi rubuga rwacu ruri muri YouTube Ishirahamwe ry'Abarundi baba mumahanga rizokwakirana akanyamuneza uwo wese afise ico ashobora guterera kugira dushikire bitatugoye intumbero canke akarangamutima Ishirahamwe ryashize imbere. MURAKOZE!!!
 
@Burundibwiza.com

 

Leave your comments

Post comment as a guest

0
Your comments are subjected to administrator's moderation.
terms and condition.
  • No comments found