BRÈVES INFOS. Burundi : La future Constitution amendée tiendra compte des résultats du dialogue interburundais organisé au niveau des 18 provinces burundaises au premier semestre 2016 sous l'égide de la Commission Nationale de Dialogue Interburundais (CNDI) / @Burundibwiza.com

Femi de j'Abat agiye gushira ahabona ibikorwa vy'igitabu c'umuziki w'Uburundi.

Last Updated: 26 January 2018 Hits: 275
Umuziki w'Uburundi mu gitabu.
 
@Burundibwiza.com / Yanditswe na BUKURU Pacifique ( Igihe.bi )
Kuya 25 janvier 2018 saa 05:12
 
 

Umuririmvyi rurangiranwa Nsengiyumva Félicien Minani azwi kwizina rya Femi de Jabat, asanzwe aba mu gihugu ca Norvège, agiye gutaha mu gihugu c’amavukiro kw’igenerezo rya 29 Nzero 2018.Mu bimuzanye, harimwo gushira ahabona igitabu c’indirimbo ndundi yise « encyclopédie de la musique Burundaise », hamwe no gutanguza ibikorwa vya Fondation Femi de Jabat.

Nkuko bivugwa na Solange MURERWA, umunyabigega akongera akaba ajejwe gutumatumanako amakuru muri Fondation Femi de Jabat, intumbero y’igitabu kijamwo umuziki w’abarundi, niyo kugira ububiko bw’umuziki.

Kubwa Solange MURERWA,ico gitabu kikaba nk’iratiro ry’umuziki ku buryo uwukeneye wese kumenya indirimbo z’umurundi, inyandiko yazo, akamenya aho aronderera.

Mu migambi ya Fondation Femi de Jabat, nkuko Solange MURERWA abandanya abivuga, harimwo ugufasha abatishoboye.

JPEG - 24.4 ko
Umuririmvyi Nsengiyumva Félicien, batazira Femi de Jabat

Muri iyo ntumbero, Femi de Jabat ategekanya kuzogendera abagendana ubumuga, guhimiriza abatwa ngo baje kw’ishure, gufasha abatishoboye.

Muri ukwo kugendera abafise ubumuga, Femi de Jabat ategekanya gutanga imfashanyo ku bagendana ubumuga bo muri zone Nyambuye muri Komine Isare, ari naho Femi de Jabat asanzwe avuka.

Femi de Jabat akaba ariwe yaririmvye ururirimbo « Ukuba kw’isi nukwitonda » rwaryoheye abatari bake mu myaka ya mirongo icenda


Leave your comments

Post comment as a guest

0
Your comments are subjected to administrator's moderation.
terms and condition.
  • No comments found