BRÈVES INFOS. Burundi : La future Constitution amendée tiendra compte des résultats du dialogue interburundais organisé au niveau des 18 provinces burundaises au premier semestre 2016 sous l'égide de la Commission Nationale de Dialogue Interburundais (CNDI) / @Burundibwiza.com

Igikorwa co gutororokanya imyidondoro y'abaririmvyi mu Burundi.

Last Updated: 09 February 2018 Hits: 356

Igitabu c'ibitabu

@Burundibwiza.com itariki 08 Nzero 2018 Inkuru ya BBC Gahuza

 99834142 encyclopedie.gif

Image caption Mu kubamfu ni Minani Felicien Nsengiyumva arongoye ikigo FEMI DE J'ABAT,
i buryo ni Solange Murerwa, umwe mu ndongozi z'ikigo.
 

Mu Burundi, ikigo « FEMI DE J'ABAT » c'umuririmvyi w'igihangange wa kera azwi kw'izina rya Minani Félicien Nsengiyumva catanguje igikorwa co gutororokanya imyidondoro y'abaririmvyi n'abanditsi b'amareresi bose b'abarundi hamwe n'ibikorwa vyabo bishirwe mu gitabo kimwe « encyclopédie de la musique burundaise ».

Nkuko uwo muhinga mu vy'umuziki abimenyesha, ico gitabo kizotuma abaririmvyi b'abarundi bamenyekana congere gifashe n'abashakashatsi kumenya kahise k'umuziki w'Uburundi.

Ico gitabo « encyclopédie de la musique burundaise » catanguye kwandikwa n'ikigo FEMI DE J'ABAT, kizotororokanirizwamwo amazina, imyindondoro na kahise k'abaririmvyi bose b'abarundi baba abari mu gihugu canke abari hanze, ab'ubu n'abakera.

Kizokwishura ku bibazo nyamukuru nk'ico kumenya no kwerekana ingene n'igihe umuziki w'Uburundi watanguriye.

Ikindi kigiye kurangurwa, ni ugukora urutonde rw'intambo n'imidiho yihariye buri ntara yose y'igihugu.

Image caption Ico gitabo kizotuma abaririmvyi b'abarundi bamenyekana congere gifashe n'abashakashatsi kumenya kahise k'umuziki w'Uburundi.

Umuririmvyi Minani Félicien arongoye ikigo FEMI DE J'ABAT amenyesha ko abaririmvyi bazohakura akarusho kanini.

Igikorwa catangujwe n'ikigo « FEMI DE J'ABAT » cakiriwe neza n'abaririmvyi b'abarundi.

Mu bushikiranganji bw'imico kama bamenyesha ko bagiye gushigikira ico gikorwa ariko ntibatomora ingene bazofasha.

Hakizimana Godefride yabuserukiye yatangaje ko bagiye gufasha no gushigikira ishirwa mu ngiro ry'uwo mugambi intambwe ku yindi.

Uburyo n'igihe igikorwa kizotwara ntibiramenyekana.

Mu kigo "Femi de Jabat" bamenyesha ko bakiriko barabwegeranya.

Leave your comments

Post comment as a guest

0
Your comments are subjected to administrator's moderation.
terms and condition.
  • No comments found