Imifuko y’isima ya BUCECO igera kuri 315, niyo abanywanyi b’umuryango wa BeneSamuragwa mugihugu cose bashikirije komine Matongo yo mu ntara ya Butanyerera.

Burundibwiza.com 01/03/2025 / @RTBB

VIDEO : Fyonda ngaha.

Imifuko y’isima ya BUCECO igera kuri 315, ifise agaciro kangana na 12.127.500FBu niyo abanywanyi b’umuryango wa BeneSamuragwa mugihugu cose bashikirije komine Matongo yo mu ntara ya Butanyerera kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 1 Ntwarante 2025, mukubaterera murwubakwo rw’ibiro vy’iyo komine nshasha izoba igeretse gatatu. 

Hambavu yaho BeneSamuragwa baterereye igiseke ca 2.000.000Fbu ikigo cirerero ry’impfumvyi MaisonCana kiri ku musozi Rukago komine yakera ya Gahombo. Ico kigo cegukira ababikira Ben’Umugabekazi w’i Kana.

Ivyo bikorwa bikaba vyatewe iteka n’umukuru aw’inama Nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe asanzwe ari n’imvukira y’iyo komine ya Matongo, aho bamanje gufasha no mubikorwa rusangi mukwegereza amabuye abafundi.

Akaba yamenyesheje abari ng’aho ko mu #Burundi twaciye mubihe bigoye. Ic’Imana idushakako n’ukwo tuba umuryango umwe uzira amoko. Yahamagariye abenegihugu kudasamazwa n’ivyiyumvyiro vy’amoko kuko abavyitwaza bamaze gushika kuco bashaka biba biheze. 

Umukuru w’inama Nshingamateka agasaba abarundi kuba umwe nayo abanywanyi bw’umuryango wa Bene Samuragwa urimwo bose wobabera akarorero keza abandi kuko baja hamwe muguteza imbere Uburundi no gufatana munda.

Mwomenya ko ivyo biro vya komine Matongo yagutse izoba igeretse gatatu.

ANimu /Radio Télévision Burundi Bwiza/ @RTBB

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *